1 - Al-Faatiha ()

|

(1) Kw’izina ry’Imana Allah, Nyenimpuhwe ku biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

(2) Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;

(3) Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo;

(4) Umwami Aganza umusi w’impera;

(5) Ni Wewe gusa twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanagusenga, kandi ni Wewe gusa dutakambira mu gusaba imfashanyo.

(6) Turongore mu nzira igororotse;

(7) Inzira y’abo Wahezagiye Ukabaha inema, itari iy’abo Washavuriye (abayahudi) canke iy’abahuvye (abanaswara).