94 - Ash-Sharh ()

|

(1) Muvugishwamana! Mbega, Twebwe Allah, ntitwakwaguriye igikiriza cawe mu kuguha ukwihangana, kugira ushobore kwakira ubutumwa no kubushikiriza!

(2) Turaheza Tugukurako umutwaro (w’uko abantu bawe warungitsweko batotumbera inzira)!

(3) Umutwaro wari uremereye umugongo wawe;

(4) Gutyo, ku kubera imigenzo myiza wahawe, Tukudugiriza icubahiro.

(5) Ntuzobuzwe rero n’ibangamirwa ry’abakwanka, gushikiriza ubutumwa. Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.

(6) Burya mu vy’ukuri, akaga n’agahengwe biragendana.

(7) Kubera ivyo rero, iyo uhejeje gutunganya ibikenewe mu vy’isi, senga ushimire Imana Allah;

(8) Unatakambe cane urondera ibiri ku Mana yawe Rurema Allah.