(1) Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka?
(2) Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo;
(3) Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene.
(4) Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya;
(5) Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo;
(6) Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu;
(7) Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[740].
[740] Bananiwe kuba abagwaneza mu gusenga Imana Allah, bananirwa no kuba abagwaneza ku biremwa.