107 - Al-Maa'un ()

|

(1) Mbega warabonye uwuhakana yivuye inyuma, izuka ry’ibiremwa n’impera yavyo ku musi w’izuka?

(2) Uyo, ni uwuryagumba agahahaza impfuvyi, agahonyanga agateka kayo ku karenganyo;

(3) Ntanahimirize gufungurira abakene, nkeswe kubafungurira we nyene.

(4) Burya guhanwa nya guhanwa, ni ukw’abasenga mu buryarya;

(5) Abirengagiza amasengesho yabo mu kutayasengera ku mwanya wayo no mu kutubahiriza ibisabwa vyayo;

(6) Abiyerekana mu vyo bakora kugira bashimwe n’abantu;

(7) Bakanimana mu kudatizanya utumaramuziro[740].
[740] Bananiwe kuba abagwaneza mu gusenga Imana Allah, bananirwa no kuba abagwaneza ku biremwa.