(1) Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!
(2) Ni igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?
(3) Ni inyenyeri yakaka.
(4) Ndarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!
(5) Umuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!
(6) Yaremwe mu mazi y’intanga asunitswe mu gitereko;
(7) Avuye hagati y’uruti rw’umugongo w’umugabo n’igikiriza c’umugore.
(8) Mu vy’ukuri Imana Allah Yaremye umuntu mu mazi y’intanga, Irashoboye no kumugarura inyuma yo gupfa Ikamusubiza ubuzima, akazuka.
(9) Umusi amabanga azoshirwa ahabona, ivyiza bikamenyekana n’ibibi bikagaragara;
(10) Umuntu nta bubasha azoba afise bwo kwikingira ibihano, eka nta n’umutabazi amukura mu bihano azoronka.
(11) Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryenimvura yisubiriza iyo amazi kw’isi ayaze agasubira mu kirere!
(12) No kw’isi yiyata imigaga iyo ibiterwa bigondoye!
(13) Ko mu vy’ukuri, iyo Qor’ani ari amajambo atandukanya ukuri n’ikinyoma;
(14) Si n’iyo kujajura.
(15) Mu vy’ukuri, abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe na Qor’ani, bakoresha urwenge mu kurwanya ukuri.
(16) Nanje Allah Nkabahinyura mu kugaragaza ukuri gushika aho gutsinda.
(17) Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, tenyenyera abagarariji, ntiwihutire kubasabira ibihano, bihorere ubarindire gato, bazokwibonerako bidatevye.