90 - Al-Balad ()

|

(1) Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!

(2) Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[728].
[728] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarekuriwe gukorera mu gisagara ca Makka ico ishatse, harimwo n’indwano mu kiringo kitarenga isaha imwe ku mutaga. Iyi Aayah, irerekana ko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), izokwigarurira ico gisagara habanje kuba indwano.

(3) Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!

(4) Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa.

(5) Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!

(6) Avuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”.

(7) Mbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi!

(8) Mbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha!

(9) Tumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo!

(10) Dutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo!

(11) Mbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa!

(12) Ni igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza!

(13) Ni uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge;

(14) Canke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara;

(15) Impfuvyi ya hafi mu muryango[729];
[729] Ugaheza ukaronka indishi zo gutanga imperezwa n’izo kwunga ubuvandimwe.

(16) Canke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero).

(17) Inyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa.

(18) Abo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru.

(19) Nayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu;

(20) Bazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose.