(1) Jewe Allah, Ndarahiye kuri “Tiini” na “Zayituuni[732]” (vyahezagiwe)!
[732] Tiini na Zayituuni, ni ubwoko bw'ivyamwa.
(2) No ku musozi wa Sinayi, ari na ho Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yavuganiye n’Imana Allah ukuri kwamye!
(3) No kuri iki gisagara ca Makka gitekanye!
(4) Ni ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mw’ishusho ryiza cane;
(5) Hanyuma Tumusubiza mu muriro udahera, mu gihe atokwumvira Imana Allah agakurikira n’Intumwa zayo.
(6) Ariko rero abemeye Imana Allah n’Intumwa bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe impembo itagabanijwe, idahera.
(7) Muntu! None ni igiki gituma inyuma y’ivyo vyose, uhakana wivuye inyuma umusi w’impera!
(8) Mbega burya Imana Allah, Yategekanije umusi wo gutunganiriza ibiremwa, si Yo Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa vyayo gusumba abacamanza bose! Yobuzwa n’iki! Ego cane, ni Yo!