92 - Al-Lail ()

|

(1) Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijoro iyo ripfutse ibintu vyose kw’isi!

(2) No ku murango iyo hakeye, hakabona!

(3) No kw’irema ry’igitsina-gabo n’igitsina-gore!

(4) Bantu! Mu vy’ukuri ibikorwa vyanyu biri kwinshi; muri mwebwe harimwo uwukorera isi, hakabamwo n’uwukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa.

(5) Uwo wese rero azotanga atiziganya mu matungo yiwe ku bw’Imana Allah, akanagamburuka;

(6) Akanemera ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH[731]”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;
[731] Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah.

(7) Uyo rero Twebwe Allah, Tuzomworohereza mu buzima bwo kw’isi, Tunamushoboze gukora ivyiza bimushikana mu Bwami bw’ijuru.

(8) Nayo uwuzoba ingumyi mu gutanga, ntanakenere indishi ku Mana Allah;

(9) Agahakana n’ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;

(10) Uyo, Twebwe Allah Tuzomworohereza gukora ibimushikana ku magorwa yo mu muriro udahera;

(11) Amatungo yiwe, nta n’ico azomumarira igihe yahanantukiye mu muriro udahera.

(12) Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tujejwe kwerekana inzira igororotse iganisha mu Bwami bw’ijuru.

(13) Kandi mu vy’ukuri, ni Twe Tugaba Tukaganza ubuzima bw’inyuma yo gupfa n’ubwo kw’isi.

(14) Ni na co gituma Ndababuriye - bantu - Ndanabatinyisha n’ibihano vyo mu muriro ururumba.

(15) Nta wuwinjiramwo ubutavayo atari uwimonogoje mu bugarariji;

(16) Uwuhakana Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), agaheza akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo.

(17) Hazokwegezwa kure y’uwo muriro, uwugamburukira Imana Allah bikwiye;

(18) Uwutanga amatungo yiwe ku bw’Imana Allah, arondera kubandanya yiyeza;

(19) Kandi nta n’umwe agirira ineza mu ntumbero yo gusubirizwa mu ndumane;

(20) Ariko agira ineza arondera gushimwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere.

(21) Kandi nta kibuza ko azoshima impera n’inema zayo mu Bwami bw’ijuru.