68 - Al-Qalam ()

|

(1) Nuun[695]. Jewe Allah, Ndarahiye kw’ikaramu n’ivyo abamalayika n’abantu bayandikisha!
[695] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

(2) Ko wewe Intumwa Muhamadi, utari umusazi namba kubera inema wahawe n’Imana yawe Rurema Allah mu kukugira Intumwa!

(3) Mu vy’ukuri, nta nkeka urafise impembo idahera kubera ko wihanganira ishikirizabutumwa;

(4) Kandi nta nkeka ko wewe uri ku ngeso nziza cane zishimangirwa na Qor’ani.

(5) Mu gihe kitari kirekire rero uzobona, kandi abagarariji na bo nyene bazobona;

(6) Umusazi muri mwebwe uwo ari we.

(7) Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza uwahuvye inzira yayo y’ukuri. Ni na Yo Izi neza na neza abagororotsi.

(8) Ntumwa y’Imana! Ntukagamburukire rero na gato abahakanyi, kuko bari mu muzimagiza.

(9) Baripfuje cane ko woborohera, maze na bo bagaheza bakakworohera.

(10) Ntumwa y’Imana! Ntukumvire uwo wese akunda kurahira kenshi, asuzuguritse;

(11) Akunda kwandagaza abantu, gateranya;

(12) Ingumyi idatanga ku bw’Imana Allah, ikanabuza abandi gukora iciza, yigenza ku bantu ikanarenga ku mabwirizwa, yuzuye ivyaha;

(13) Inshirwarimenetse mu buhakanyi, Turetse n’ivyo vyose, ni n’umuzanano;

(14) Mbe none yoba akora ivyo, yitwaza ko afise amatungo n’abana benshi!

(15) Bigatuma iyo asomewe Aayah zacu za Qor’ani, azihakana yivuye inyuma, agashoka avuga ati: “Qor'ani, ni imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere[696].
[696] Izi Aayah rero, n’aho zahishuwe zinebagura bamwe mu babangikanyamana; nka Waliid mwene Al-Mughiira, zirihaniza umwislamu uwo ari we wese ko yogira inyifato zigayitse nk’izo.

(16) Tuzomushirako inkovu ku zuru ryiwe, maze yame imutera isoni mu maso y’abantu.

(17) Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaragerageje ababangikanyamana b’i Makka mu kubatera amapfa; nk’uko Twagerageje benumurima, igihe barahira bakarengwa ko bategerezwa gusoroma umurima wabo mu gaturuturu, kugira ntihagire umworo n’umwe agira ico aronkako;

(18) Maze ntibashaka kubikesha Imana Allah mu kuvuga bati: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka).

(19) Ntivyatevye rero, ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, bishikira nya murima bakiryamye;

(20) Maze urasha uratokombera, usigara wirabura tsiritsiri nk’umwijima w’ijoro.

(21) Bumaze guca, baciye bahamagarana;

(22) Bati: “Nimuzinduke mu gaturuturu muje mu murima wanyu nimwaba mushaka gusarura”.

(23) Baca baragenda bongorerana;

(24) Bati: “Uno musi, ntihagire umworo n’umwe abinjirana mu murima”.

(25) Ni uko rero, bahengera mu gaturuturu baragenda, bazi neza ko basarura ata mworo n’umwe bahayeko.

(26) Bamaze kubona nya murima wahiye, baciye bavuga n'agahinda n'akantu bati: “Nta nkeka ko twazimiye inzira”;

(27) Bamaze kumenya neza na neza ko ari wa murima wabo wahiye, barisubiyeko bati: “Ahubwo nyabuna twebwe, twavyatswe kubera umuzirikanyi wacu mubi”;

(28) Umugororotsi muri bo, aca avuga ati: “Mbega yemwe! Sinari nababwiye ko mwobikesha Imana Allah, mukayininahaza mu kuvuga muti: “In shaa Allah" (Imana Allah niyabishaka)!

(29) Bamaze kwikebuka baciye bishura bati: “Ininahazwa, ni iry’Imana yacu Rurema Allah. Mu vy’ukuri, twari twirenganije mu kutabikesha Imana Allah, no mu kuzirikana kudaha aboro imperezwa”.

(30) Ni ho rero baca batangura gutanako umwikomo;

(31) Bavuga bati: “Turahonye yemwe! Mu vy’ukuri, twari twarenze kw’ibwirizwa ry’Imana Allah mu kudaha aboro imperezwa;

(32) Kumbure Imana yacu Rurema Allah, Izodushumbusha Iduhe ibisumba umurima kuko twamaze kwigaya. Mu vy’ukuri, turitonesheje ku Mana yacu Rurema Allah".

(33) Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahanye benumurima - Duhana abarenga ku mabwirizwa y’Imana Allah. Nta nkeka rero ko n’ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bihambaye cane gusumba ivyo kw’isi. Iyo abantu babimenya rero, bokwihanye kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

(34) Mu vy’ukuri, abatinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah, Ubwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema.

(35) Mbega none, Twofata abislamu bicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah nk’abahakanyi mu ndishi!

(36) Mbega bantu! Mwafashwe n’ibiki? Ko muca iza ngondagonde mu kubanganisha mu ndishi!

(37) Canke mwoba mufise igitabu mwamanuriwe, musomamwo ko umugamburukiramana yofatwa nk’ikigaba mu ndishi!

(38) Mu vy’ukuri muri ico gihe, mwoba mufise ivyo mwihitiramwo muri nya gitabu bivuye ku vyipfuzo vyanyu.

(39) Canke mwoba mufitaniye amasezerano na Twebwe Allah, azokwamaho kugeza ku musi w’imperuka, ko muzoronka Ubwami bw’ijuru nk’uko mwipfuza!

(40) Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uwoba muri bo yishinze ko azobashikana mu Bwami bw’ijuru nk’abicisha bugufi ku Mana Allah!”;

(41) Canke boba bafise abafasha babangikanije n’Imana Allah, bazobashikana muri nya Bwami bw’ijuru! Enda nyabuna rero, nibabazane nibaba ari imvugakuri mu vyo bipfuza;

(42) Ku musi hazoba hari intureka z’akataraboneka, maze Imana Allah Igaseruka gutunganiriza ibiremwa, Igaheza Ikagaragaza umurundi wayo mutagatifu[697] utagira na kimwe bisa mu biremwa, maze ibiremwa bigahamagarirwa kwubamira Uhoraho Allah, ibiremwa bitigeze vyubamira Imana Allah kw'isi, nta vyo bizoshobora ngo vyubame;
[697] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaravuze iti: “Imana yacu Rurema Allah Izogaragaza umurundi wayo, maze umwemeramana wese mu bagabo no mu bagore ace ayubamira, hasigare uwahora ayubamira kw’isi ku kwiyerekana no kuyagwa neza; agize ngo yubame, umugongo wiwe uzoca ucika igihimba kimwe kitagondeka”. Yashikirijwe na Al-Bukhariy na Muslimu.

(43) Amaso y’ibiremwa azoba araba hasi bidashoboye kuyunamura, vyugarijwe no guteterwa ku bihano vy’uwo musi. Mu vy’ukuri, vyahora bihamagarirwa kwubamira no kwiyegereza Imana Allah kw’isi mu gihe vyari bikomeye, bibishoboye, ariko ntivyigeze bigamburuka ngo biyubamire.

(44) Ntumwa y’Imana! Ndekera abahakana iyi Qor’ani, Nzobihanira. Twebwe Allah, Tuzobashira mu bihano bukebuke mu kubaronsa amatungo n’ibibondo, mu buryo batazi ko ari kwo guhanwa;

(45) Nzoheza rero Jewe Allah, Ndabahe no kuramba ntihutira kubahana, kugira barendegere mu bicumuro. Mu vy’ukuri, ihinyura ryanje gushika aho ndabacakira, rirahambaye cane.

(46) Ntumwa y’Imana! Canke woba usaba ababangikanyamana impembo y’ivy’isi kw’ishikirizabutumwa ryawe, ku buryo baremerwa n’iyo mpembo!

(47) Canke boba bazi ibinyegejwe ibiremwa, bagaheza bakandika bakavyisunga mu gushinga ingingo yuko ari bo ntore gusumba abemeramana!

(48) Ntumwa y’Imana! Tenyenya rero gato, urindire ubutungane bw’Imana yawe Rurema Allah, kandi ntiwihute ngo ube nk’Intumwa Yunusu mwene Matta (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yatamiwe n’ifi amahanga, igihe yatwarwa n’agashavu, ikananirwa kwihangana, igaheza igatabaza n’ishavu n’agahinda Imana yayo Rurema Allah ko Yokwihutira guhana abagarariji;

(49) Iyo itagarukirwa n’impuhwe z’Imana yayo Rurema Allah, Ikayishoboza ukwigaya, nta nkeka ko yari gutabwa kw’isi y’ubugaragwa igahona, ifitiwe umwikomo n’Imana Allah;

(50) Ni ho rero Imana yayo Rurema Allah Yayitora kandi Iyituma ku bantu bayo, Iyishira no mu beranda.

(51) Ntumwa y’Imana! Abagararije, iyo bumvise uriko urasoma Qor’ani, barakuraba ijisho ribi rihakwa kugutura hasi ku kuntu bakwanka, maze kubera urwo rwanko bagufitiye, bagaca bavuga n'ishari n'akantu bati: “Vy’ukuri, ni umusazi”.

(52) Iyo Qor’ani si ikindi rero, kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku biremwa vyose (Amajini n’abantu).