75 - Al-Qiyaama ()

|

(1) Jewe Allah, Ndarahiye ku musi w’izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo!

(2) Ndanarahiye no ku mutima winegura kenshi[712]! Ko ibiremwa bizozuka.
[712] Umutima winegura kenshi ku kudakora ibitegetswe, canke ku gukora ibibujijwe bizira, ni umutima w’umwemeramana.

(3) Mbega, umuntu w’umugarariji yibaza ko Tutazosubira kwegeranya amagufa yiwe inyuma yo gupfa!

(4) Vyobuzwa n’iki! Twebwe Allah Tuzosubira kuyegeranya, ahubwo Turashoboye no kuringaniza intoke n’amakanda yazo nk’uko zari ziri imbere yo gupfa.

(5) Ahubwo rero, umuntu ahakana yivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, ashaka ko yoguma mu vyaha;

(6) Maze akabaza atangara n'itebura n'akantu ati: “Mbega izuka ry’ibiremwa rizoshika ryari!”.

(7) Igihe umugarariji yakanutse amaso ku bwoba bw’intureka z’uwo musi;

(8) Ukwezi kukazima, hakaba ubwirakabiri;

(9) Izuba hamwe n’ukwezi bigashirwa hamwe, ntihasubire kuba ijoro n’umurango;

(10) Kuri uwo musi, umuntu azovuga ati: “Ubuhungiro bwo gukira ibihano buri hehe!”.

(11) Muntu! Eka teshwa ute, urahumba! Si nk’uko uvyipfuza, nta buhungiro, eka nta n’ubukiriro;

(12) Kuri uwo musi, amaherezo y’ibiremwa vyose n’ubutururo bwavyo, ni ku Mana yawe Rurema Allah.

(13) Umuntu kuri uwo musi, azomenyeshwa ivyo yakoze vyose; ivyiza n’ibibi, n’ivyo yagizemwo uruhara bigakorwa yarapfuye.

(14) Ahubwo rero, burya umuntu wenyene ku gatwe kiwe, ni isura ku vyo yakoze n’ivyo atakoze;

(15) N’aho yotanga ivyireguzo yisigura ku vyaha yakoze, nta co bizomwungura.

(16) Ntumwa y’Imana! Ntugasubiremwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa, imbere yuko umumalayika Jibrili aheraheza, wihutira kuyifata neza ku mutwe ku mpungenge z’uko woyibagira.

(17) Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Tujejwe kuyitururuza mu mushaha wawe no kugushoboza kuyisoma ku mutwe.

(18) Iyo Intumwa yacu Jibrili iyigusomeye rero, ba ukurikirana igisomwa ata kuyiciramwo.

(19) Hanyuma mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tujejwe kuyigusigurira.

(20) Babangikanyamana! Teshwa mute, murahumba! Si nk’uko mwibaza ko ata zuka ry’ibiremwa rihari, ahubwo murakunda ivy’isi bisayangana mukarenza urugero;

(21) Mukareka gukora ivyiza bizobafasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

(22) Abemeramana kuri uwo musi, bazoba basayangana mu maso, akanyamuneza ku kandi kabasya;

(23) Baraba bitegereza Imana yabo Rurema Allah ukuri kwamye.

(24) Abanyavyaha na bo kuri uwo musi, bazoba bijiriwe mu maso, babihiwe;

(25) Bazi neza ko bashikiwe n’ibihano vy'agacamugongo.

(26) Nateshwe ate, arahumba mu gukunda ivy’ isi! Igihe inkomoko y'ubuzima "Roho" yageze mu muhogo ari ku mpfiro;

(27) Maze uwuri hafi, akabwirwa n’abari ng’aho ati: “Mbega yemwe, ni nde yomukiza!”;

(28) Uwuri ku mpfiro na we azoba yamaze kumenya neza na neza ko hageze gusezera isi;

(29) Maze intureka zo gusezera isi zigahura n’intureka zo gutangura ubuzima bw’inyuma yo gupfa, imirundi igafatana atera akagere ka nyuma.

(30) Kuri uwo musi w'izuka ry'ibiremwa rero, ibiremwa bizoshorerwa ku Mana yawe Rurema Allah[713].
[713] Ibija mu Bwami bw’ijuru, biterwe iteka ryo kubwinjira; ibija mu muriro udahera na vyo nyene, biteterezwe mu kuwinjira.

(31) Umugarariji, ntiyigeze yemera Intumwa na Qor’ani, eka ntiyigeze anasenga amasengesho-bwirizwa;

(32) Ahubwo yarahakanye Qor’ani yivuye inyuma, yirengagiza n’ukwemera Intumwa;

(33) Hanyuma agenda agana ku muryango wiwe n’amanyama n’ubwirasi n'akantu.

(34) Muhakanyi! Uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!

(35) Hanyuma kandi, uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!

(36) Mbega, umuhakanyi w’izuka ry’ibiremwa, yibaza ko azokwihozwa akarekwa uko ashaka, ntahabwe amabwirizwa ngo aheze abazwe ko yayubahirije!

(37) Mbega, ntiyari ima ry’intanga ryakororewe mu gitereko!

(38) Hanyuma aba amaraso avuze, ni uko rero Imana Allah Iraheza Iramurema, Iraringaniza indemo yiwe n’ibihimba vyiwe; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;

(39) Hanyuma Imugiramwo ibitsina bibiri: igitsina-gabo canke igitsina-gore.

(40) Mbega Imana Allah Ishoboye gukora ivyo vyose, ntishoboye kuzura abapfuye, Ikabasubiza ubuzima[714]!
[714] Iyo umuntu ahejeje gusoma iyo Aayah, aca avuga yemanga ati: “BALAA INNAHUU LAQAADIRUN ALAA DHAALIK” (Ibuzwa n’iki! Mu vy’ukuri, Irabishoboye pe!).