(1) Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru rifise inzira-ntasobwa z’izuba n’ukwezi!
(2) No ku musi w’isango ryategekanijwe ry’izuka ry’ibiremwa!
(3) No ku cabona cagiriza no ku wagirizwa[727]!
[727] Imana Allah, Irahira ku co Ishatse mu biremwa, nayo ikiremwa ntikirekuriwe kurahira kiretse kw’izina ry’Imana Allah, kurahira ku kitari Imana Allah, ni ibangikanyamana.
(4) Harahonejwe abantu Benibinogo amahanga bimbiye abemeramana;
(5) Baraheza bavyatsamwo umuriro wenyegejwe;
(6) Igihe bari bicaye hambavu yavyo;
(7) Bitegereza ivyo bakorera abemeramana mu bihano.
(8) Nta na kimwe babahoye atari uko bemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, amatazirano n’ibikorwa vyayo mu bihe vyose.
(9) Ni Yo Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo vyose. Burya Imana Allah, Irazi ikintu ico ari co cose.
(10) Mu vy’ukuri, abatoteje abemeramana n’abemeramanakazi mu kubaturira kugira bavavanure n’idini ry’Imana Allah, hanyuma ntibigaya ku Mana Allah ngo basabe imbabazi, abo bazohanwa mu muriro wa Jahannamu, baranategekanirijwe ibihano vyo guturirwa.
(11) Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima itotahaye mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Iyo, ni yo ntsinzi ihambaye.
(12) Mu vy’ukuri, uguhana kw’Imana yawe Rurema Allah kurahambaye.
(13) Mu vy’ukuri, ni Yo Yatanguje kurema ibiremwa vyose ata co Irinze gufatirako, kandi ni Yo Izobisubiza ubuzima, biheze bizuke.
(14) Ni na Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenurukundo-ntangere ku batoni bayo.
(15) Nyenubuhangamo, Nyeniteka.
(16) Ikorana ubwira ico Ishatse, ntakiyinanira.
(17) Ntumwa y’Imana! Mbega, woba warashikiriwe n’inkuru y’ivyashikiye ingabo z’abagarariji!
(18) Ingabo za Firawuni n’iza Bene Thamuudi!
(19) Ahubwo abagararije Imana Allah bishinga kubandanya bahakana nk’ab’aho hambere.
(20) Burya Imana Allah na Yo ku bushobozi n’ubumenyi vyayo, Irabakikuje ku mpande zose, nta buhungiro.
(21) Iyo Qor’ani bahakana, si amajambo y’abantu! Ahubwo, ni Qor’ani ntagatifu;
(22) Yanditswe ku kibaho kibungabunzwe neza “Lawhu Mahfuudhw”.