(1) Jewe Allah, Ndarahiye kw’ifarasi zirukanga zihezuka mu gutera umwansi ku rugamba rwo guharanira Imana Allah!
(2) N’iziruka ibinono bigacira amasase!
(3) N’izitera umwansi mu gitondo!
(4) Maze zigasura intumo mu kwiruka!
(5) Zigana hagati y’abansi!
(6) Mu vy’ukuri, umuntu ni intashima y’inema z’Imana yiwe Rurema Allah.
(7) Mu vy’ukuri na we nyene kuri ivyo, ni icabona.
(8) Mu vy’ukuri, umuntu mu gukunda amatungo ararengeje.
(9) Mbega umuntu ntazi ibizoba bimurindiriye, igihe Imana Allah Yazuye abapfuye bava mu mva zabo kugira baharurirwe;
(10) Hakanerekanwa n’ibiri mu mishaha (ivyiza canke ibibi)!
(11) Mu vy’ukuri Imana yabo Rurema, kuri uwo musi, Irazi neza ivyo bakoze, nta na kimwe Iyobewe.