(1) Yarahonye Abu Lahabi, aragahona ku kubera ukubangamira kwiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
(2) Amatungo yiwe, eka n’abana biwe, nta co bizomumarira ngo bimukingire ibihano vy’Imana Allah.
(3) Azokwinjira mu muriro ururumba cane, maze awote;
(4) Ari kumwe n’umugore wiwe (Ummu Jamiila), yahora yikorera amahwa akayatega mu nzira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) icamwo;
(5) Uyo mukenyezi, azotabwa mu muriro aboheshejwe mw’izosi ikiziriko gitsivye neza.