102 - At-Takaathur ()

|

(1) Mwasamajwe n'ukwihaya ku bwinshi bw’amatungo n’ibibondo, muraheza mureka kugamburukira Imana Allah!

(2) Mugashishikara gusamazwa n’ivyo, gushika n’aho mushengereye mugahambwa mu mva.

(3) Nimuteshwe mute, murahumba! Ivyo ntibikwiye kubasamaza namba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya ko ubuzima bw’inyuma yo gupfa ari bwo bwiza kuri mwebwe.

(4) Eka nimuteshwe mute, murahumba! Nimwikebuke, ubu vuba bwango muzomenya inkurikizi mbi z’ukutumvira Imana Allah.

(5) Eka nimuteshwe mute! Iyo mumenya vy’ukuri ibibafitiye akamaro, mworetse kwihaya ku vy’isi, mukihutira nyabuna gukora ivyiza.

(6) Ni ukuri muzobona umuriro ururumba.

(7) Kandi ni ukuri, muzowubona ukuri kwamye.

(8) Hanyuma, ni ukuri kuri uwo musi w’impera, muzobazwa ku nema z’ubwoko bwose ico mwazikoresheje.