104 - Al-Humaza ()

|

(1) Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’uwo wese anegura akandagaza abantu, akwiragiza insaku (gateranya);

(2) Yishinga kwegeranya amatungo no kuyaharura kenshi.

(3) Mbega yibaza ko amatungo yiwe azomubeshaho ibihe bidahera akanamukingira iharurirwa!

(4) Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri uyo muntu, azojugunywa muri ruyonza.

(5) Ntumwa y'Imana! Mbega, ni igiki cokumenyesha ico ari co ruyonza?

(6) Ni umuriro w’Imana Allah wama wegenyejwe;

(7) Unyengetera mu mishaha.

(8) Mu vy’ukuri, uwo muriro urabakikuje mu mpande zose;

(9) Bazoba baboheshejwe iminyororo miremire n’amapingu; ntibazocaruka na gato.