(1) Umusi nkuramutima.
(2) Mbega, ni igiki umusi nkuramutima?
(3) Ni igiki cokumenyesha ico ari co umusi nkuramutima?
(4) Ni umusi, abantu bazozuka batagira iyo baja n’iyo bava, bashwiragiye nk’ibinyugunyugu bishwiragijwe;
(5) N’imisozi ikaba nk’ubwoya bw’isufi[737] busanzajwe, butumuriwe hejuru n’umuyaga.
[737] Isufi, ni ubwoya bw'intama canke ubw’agakwavu.
(6) Uwo wese rero, ivyiza vyiwe bizoremera ku munzani;
(7) Uyo, ni we azoba mu buzima bushimishije mu Bwami bw’ijuru.
(8) Nayo uwo ivyiza vyiwe bizohwahuka ku munzani;
(9) Uyo rero, uburuhukiro bwiwe ni mu manga ihonya.
(10) Mbega none, ni igiki cokumenyesha ico ari co imanga ihonya?
(11) Ni umuriro udahera, ururumba.