101 - Al-Qaari'a ()

|

(1) Umusi nkuramutima.

(2) Mbega, ni igiki umusi nkuramutima?

(3) Ni igiki cokumenyesha ico ari co umusi nkuramutima?

(4) Ni umusi, abantu bazozuka batagira iyo baja n’iyo bava, bashwiragiye nk’ibinyugunyugu bishwiragijwe;

(5) N’imisozi ikaba nk’ubwoya bw’isufi[737] busanzajwe, butumuriwe hejuru n’umuyaga.
[737] Isufi, ni ubwoya bw'intama canke ubw’agakwavu.

(6) Uwo wese rero, ivyiza vyiwe bizoremera ku munzani;

(7) Uyo, ni we azoba mu buzima bushimishije mu Bwami bw’ijuru.

(8) Nayo uwo ivyiza vyiwe bizohwahuka ku munzani;

(9) Uyo rero, uburuhukiro bwiwe ni mu manga ihonya.

(10) Mbega none, ni igiki cokumenyesha ico ari co imanga ihonya?

(11) Ni umuriro udahera, ururumba.