(1) Igitegerezwa kuba.
(2) Ico, ni igiki gitegerezwa kuba?
(3) Ntumwa y'Imana! Ni igiki cokumenyesha ico gitegerezwa kuba, ukuntu giteye n'intureka zaco?
(4) Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), na Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah), barahakanye bivuye inyuma umusi w’inkuramutima, ari wo muhero w’isi.
(5) Ni uko rero, Bene Thamuudi bahonejwe n’ijwi rimena amatwi.
(6) Nayo Bene Aadi, bahonejwe n’igihuhusi c’igikonyozi kirandurana n’imizi ico ari co cose bihuye;
(7) Imana Allah, Yakibarungikiye amajoro indwi n’imirango umunani ikurikirana ata gahengwe, maze kirabahonya. Waraheza ukabona abantu bitega imyereka bagwa hasi nk’ibishitsi vy’itende vyariwe n’umuswa, bitagira intimatima;
(8) Mbega woba ukibona n’umwe muri bo yarokotse, akarusimba! Barahonye bose.
(9) Mu nyuma, haje Firawuni n’ubugaba bwiwe, haza n’abahakanyi bo hambere yiwe, hamwe n’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba, barungikiwe Intumwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
(10) Umugwi wose muri bo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa warungikiwe n’Imana yawo Rurema Allah, maze Iraheza Irawushikura mu kuwuhana bimwe bikomeye.
(11) Mu vy’ukuri, igihe isegenya ryahitana vyose rero, Twebwe Allah Twararokoye mu guheka mu bwato bureremba, abo mwakomotseko hamwe n’Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
(12) Ivyo Twabigize kugira ngo bibabere urwibutso, maze ugutwi kwumva na kwo kwumvireho.
(13) Igihe rero havugijwe n’umumalayika Israafiili inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa vyose;
(14) Maze isi hamwe n’imisozi bigakurwaho, bigahondwa rimwe gusa;
(15) Uwo rero, ni wo musi w’imperuka w'igitegerezwa kuba, uzoba washitse;
(16) Aho ijuru rizosatagurika. Kuri uwo musi, ijuru rizoba ridakomeye namba;
(17) Abamalayika na bo bazoba bari ku mfuruka zaryo. Abamalayika umunani b’ibihangange bazoba bareruye hejuru yabo Ubuhangamo bw’Imana yawe Rurema Allah;
(18) Bantu! Kuri uwo musi, muzoshengezwa mwese mucirirwe imanza, muheze muhemberwe ivyo mwakoze, kandi nta banga ryanyu rizonyegezwa.
(19) Uwuzohabwa rero igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo, azoca avuga ahimbawe cane ati: “Ehe bantu! Akire, nimwisomere iki gitabu canje;
(20) Mu vy’ukuri, nari nzi yuko nzoronka impembo yanje, ndaheza ndayikorera”;
(21) Uyo rero, azobaho ubuzima bw’akanyamuneza nta ngere;
(22) Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;
(23) Ivyamwa vyo muri Bwo vyamira hafi cane, bikamurwa vyoroshe;
(24) Bazobwirwa bati: “Nimufungure, mwongere munywe n’akayabagu kenshi ku vyo mwakoze kw’isi”.
(25) Nayo uwuzohabwa igitabu ciwe mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu, azovuga yihebuye ati: “Amagorwa arama yemwe! Iyo ntahabwa iki gitabu canje;
(26) Ngatako simenye impembo yanje;
(27) Yoo! Iyo urupfu napfuye kw’isi rumarira vyose sinzuke;
(28) Ehe yemwe! Amatungo yanje yose nta co yamariye;
(29) Eka n’ivyireguzo vyanje vyose vyampereyeko”.
(30) Abamalayika bacungereye umuriro, bazoca babwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha mukomanye amaboko n’izosi, muce mumudadira n'amapingu;
(31) Hanyuma mumujugunyire mu muriro ururumba;
(32) Muheze mumuboheshe umunyororo muremure cane”;
(33) Mu vy’ukuri, ntiyigeze yemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.
(34) Kandi ntiyitaho guhimiriza gufungurira abakenye mu bakene n’aboro, n’abandi.
(35) Uno musi rero, nta mukunzi nkoramutima afise ngo amukingire ibihano;
(36) Nta n’ibifungurwa ahabwa, atari amashira n’ibindi bitemba biva mu nyenga y’umuriro;
(37) Nta muntu anabifungura, atari abanyavyaha b’abahakanyi ruhebwa.
(38) Jewe Allah, Ndarahiye ku bintu mubona n’amaso!
(39) No ku vyo mutabona mu binyegejwe ibiremwa!
(40) Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari amajambo y’Imana Allah asomwa n’Intumwa yubashwe.
(41) Kanatsinda, si n’amajambo y’umwivuzi w'amazina nk'uko mwibwira. Burya mwemera gake!
(42) Kandi si n’amajambo y’umurozi atongera. Burya mwibuka gake, ngo mushobore kubitandukanya!
(43) Ahubwo iyo Qor’ani, ni amajambo y’Imana Allah yamanuwe n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
(44) Iyo rero Muhamadi ahirahira ngo arementanye bimwe mu vyo avuga, Tutigeze Tubimuhishurira;
(45) Nta nkeka ko Twari kumuhana, Tukanamuca n’ukuboko kw’iburyo;
(46) Twari no kumuca umutsi mukuru w’umurindi w’amaraso, agapfa;
(47) Kandi nta n’umwe muri mwebwe yoshoboye kumukingira.
(48) Mu vy’ukuri iyi Qor’ani ntagatifu, ni n’urwibutso rwibutsa canecane abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah.
(49) Bantu! Mu vy’ukuri, Turazi ko muri mwebwe harimwo abahakana iyi Qor’ani, ntibayemere.
(50) Kandi kutayemera, bizotera abagarariji agahombo n’umubabaro.
(51) Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni kwo kuri nyakwo kudahinyuzwa.
(52) Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, shishikara uninahaza Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.