96 - Al-Alaq ()

|

(1) Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, maze utangure kw’izina ry’Imana yawe Allah Yaremye;

(2) Yaremye zina kiremwa-muntu mu maraso avuze.

(3) Muvugishwamana! Soma ivyo wahishuriwe muri Qor’ani, wizeye ko Imana yawe Rurema Allah ari Yo Mugiraneza-ntangere;

(4) Yigishije ibiremwa kwandika n’ikaramu;

(5) Yigishije kiremwa-muntu ivyo kitari kizi, Iraheza Igikura mu muzimagiza w’ubujuju Igishira mu muco w’ubumenyi.

(6) Si ivy’imbeshere ko umuntu yama yarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah ku bwishime;

(7) Abitewe n'uko abonye yamaze kwikenura agatunga;

(8) Mu vy’ukuri uburuhukiro bwiwe, ni ku Mana yawe Rurema Allah, Izomuhembera ivyo yakoze.

(9) Mbega, warabonye igitangaje kurusha umuntu[733] aburabuza;
[733] Ni umuhakanyi yarwanije cane Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yitwa Abu Jahli.

(10) Umuja[734] w’Imana Allah mu gihe ariko arasenga!
[734] Yaburabuje umuja w’Imana Muhamadi gusenga.

(11) Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuzwa ugusenga, yoba ari mu nzira igororotse!

(12) Canke akaba ariko arabwiriza gukora iciza c'igamburukiramana!

(13) Mbega, ubona gute mu gihe uyo aburabuza ugusenga, yoba ahakana ubutumwa, akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Allah!

(14) Mbega, ntazi neza ko Imana Allah Ibona ivyo akora!

(15) Nateshwe ate, arahumba! Ni ukuri, ataretse kurwanya Intumwa, Tuzomufatira mu ruhanga, maze Tumujungunyire mu muriro;

(16) Uruhanga rw’umubeshi, umunyavyaha;

(17) Arahamagara rero abateramyi biwe baze bamutabare;

(18) Na Twe Allah, Tuzoheza Duhamagare abamalayika b’ibihangange “Al-Zabaaniya”;

(19) Ntumwa y’Imana! Nateshwe ate, arahumba mu kwibaza ko azoguturatuza. Ntukamwumvire ngo ureke gusenga, tsimbatara ku kwubamira Imana Allah, uheze ubandanye uyiyegereze unikundwakaze kuri Yo.