88 - Al-Ghaashiya ()

|

(1) Mbega Ntumwa y’Imana! Warashikiriwe n’inkuru y’umusi uhwikira ibiremwa!

(2) Uwo musi, abagarariji bazosuzugurika bijirirwe mu maso kubera ibihano;

(3) Bakore bita ku rutare, baruhe;

(4) Bazokwinjira mu muriro udahera, unyengetera cane;

(5) Banyweshwe mw’iriba ry’amazi asebura akaryimara;

(6) Nta mfungurwa bazohabwa atari amahwa yumye;

(7) Ntavyibusha namba eka ntanavuna n’inzara (ntanahembura) na gato.

(8) Uwo musi rero, abemeramana bazorangwa n’akamwemwe mu maso;

(9) Bashime mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibikorwa vyabo bakoze kw’isi;

(10) Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;

(11) Ntibazokwumvamwo insaku n’amajambo ata co amaze;

(12) Harimwo iriba ry’amazi atemba;

(13) Harimwo n’ibitanda vy’icubahiro bihanitse;

(14) N’ibirahuri bishinguwe neza, vyabategekanirijwe;

(15) N’imisego itondeshejwe neza;

(16) N’ibisaswa vy’iteka bishashwe neza.

(17) Mbega yemwe, abagarariji ntibitegereza ingamiya ingene yaremwe!

(18) N’ijuru ingene ryahanitswe, ata nkingi!

(19) N’imisozi ingene yashimitswe!

(20) N’isi ingene yashashwe, yagutse!

(21) Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, Ibutsa abirengagiza ukuri, ko mu vy’ukuri wewe ujejwe kwibutsa gusa;

(22) Wewe ntushinzwe kubahatira kwemera.

(23) Ariko uwugenza umugongo, agatsimbatara mu kugarariza;

(24) Uyo, Imana Allah Izomuha ibihano ruhasha mu muriro.

(25) Mu vy’ukuri, igaruka ryabo - nibazuka - ni iwacu Twebwe Allah;

(26) Hanyuma, nta nkeka ko ari Twebwe Allah, Tujejwe kubaharurira ku musi w’impera.