99 - Az-Zalzala ()

|

(1) Igihe isi yanyiganyijwe nya kunyiganyizwa;

(2) Maze isi igasohora ibiri muri yo vyose; abapfuye hamwe n’ubutare;

(3) Umuntu akicwa n’ubwoba n’akantu abaza ati: “Mbega yemwe! Isi yashikiwe n’iki?”.

(4) Uwo musi, isi izoshikiriza inkuru z’ivyayikoreweko vyose; vyaba ivyiza canke ibibi;

(5) Kuko Imana yawe Rurema Allah Yayitegetse.

(6) Uwo musi, abantu bazozuka bari imigwimigwi, kugira berekwe n’Imana Allah ibikorwa vyabo, Inabibahembere.

(7) Uwo wese rero akora iciza n’aho coba kingana n’akanyegeri, azobona indishi yaco mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

(8) N’uwukora ikibi n’aho coba kingana n’akanyegeri, na co nyene azobona igihano caco mu buzima bw’inyuma yo gupfa.