93 - Ad-Dhuhaa ()

|

(1) Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe c’umutaga!

(2) No kw’ijoro iyo ripfutse ibiremwa bigaturura!

(3) Ko Imana yawe Rurema Allah Itaguhevye Muvugishwamana; kandi ko Itanagushavuriye ku guteba kw’ihishurirwa rya Qor’ani.

(4) Nta nkeka rero ko ubuzima bwawe bw’inyuma yo gupfa, ari bwiza kurusha ubwo kw’isi.

(5) Kandi nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah, Izoguha vyinshi uzoheza ugashima.

(6) Muvugishwamana! Mbega, Imana Allah ntiyagusanze uri impfuvyi, Ikakubungabunga!

(7) Igusanga utazi ico ari co Igitabu, n’ico ari co ukwemera! Iraheza Irakwigisha ivyo utari uzi, Inagushoboza gukora n'ivyiza bitegetswe!

(8) Igusanga ukenye maze Iragukenura, Iguha ukwihangana no kubumbwa n’ivyo ufise!

(9) Kubera ivyo rero, ntukaryagumbe impfuvyi ngo uyihahaze.

(10) Nayo uwusavye gufashwa canke kwigishwa, ntukamuburabuze, ahubwo muhe unamutunganirize;

(11) Nayo inema z’Imana yawe Rurema Allah, ziyage ushima.