55 - Ar-Rahmaan ()

|

(1) Nyenimpuhwe;

(2) Yarigishije umuntu Qor’ani, mu kumworohereza ukuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa.

(3) Yaremye umuntu;

(4) Yamwigishije gutomora ikiri ku mutima; iryo rikaba ari na ryo teka yatewe gusumba ibindi biremwa.

(5) Izuba n’ukwezi bigenda bibisikanya mu giharuro ata kwihenda eka ata n’uguhindagurika kw’igiharuro.

(6) N’inyenyeri kw’ijuru canke ibiterwa bitagira intimbatimba, hamwe rero n’ibiti bifise umutumba, vyose vyubamira Imana Allah Yabiremye, bikanagamburuka mu kwubahiriza ico vyaremewe ku neza ya kiremwa-muntu.

(7) N’ijuru Yararihanitse hejuru y’isi, maze Ishira kw’isi ubutungane Yategetse ko bwubahirizwa hagati y’ibiremwa;

(8) Kugira ntihagire uwo murenganya ku munzani;

(9) Muheze mupime mu butungane, kandi ntimukagabanye ku munzani mu gihe mupimiye abandi.

(10) N’isi Yarayishashe neza, kugira ibiremwa bishobore kuyibako;

(11) Kuri nya si rero, hari ivyamwa hamwe n’ibiti vy’itende bishurikira mu gitutwe maze bikama itende;

(12) Hari n’intete zifise agashishwa zibabeshaho, hakaba n’izindi zifise akamotero.

(13) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana[660]!
[660] Igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yasomera Amajini iki gisomwa, igihe cose isomye iyi Aayah, nya Majini yaca yishura ati: “Eka nta n’imwe mu nema zawe Mana yacu Rurema Allah duhakana, ahubwo mbere Urakwiye ishimagizwa muri vyose!”. Birakenewe rero ko umuntu yemanga agashima inema z’Imana Allah mu gihe cose azibukijwe.

(14) Bantu! Yaremye so wanyu Adamu mw’ivu ryumye rikumagana nk’ibumba ryokeje;

(15) Irema na Ibilisi, ari na yo nkomoko y’Amajini, mu rubeya rurabagiza rw’umuriro.

(16) Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(17) Ni Yo Mana Rurema, Yaremye ubuseruko bubiri; mu gihe c’ici no mu gihe c’urushana; Ikaba n’Imana Rurema Yaremye n’uburengero bubiri muri ivyo bihe nyene.

(18) Bantu hamwe n’Amajini! None ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(19) Yahurije hamwe amabahari abiri, atandukanye mu kanovera k’amazi yayo;

(20) Hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo rero, hagati yayo hariho agakingo gatuma amazi y’icunyunyu y’iri bahari atavangana n’amazi y’akanovera y’irindi bahari.

(21) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(22) Muri nya mabahari yompi, hacukurwamwo ubutare bwa lulu[661] n'ubwa marjaani[662].
[661] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane. [662] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.

(23) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(24) Ni na Yo Nyenububasha, Ituma ubwato bugendera mw’ibahari mu ruja n’uruza, buriko ibitambara bimanitse bingana umusozi, busunikwa n’umuyaga.

(25) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(26) Zina kiremwa cose kiri kw’isi, kizopfa gihone;

(27) Maze hasigare gusa Imana yawe Rurema Allah, Yo Yonyene ubwayo, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza[663].
[663] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise mu maso mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, ata kugereranya mu maso hayo n’ah’ibiremwa mu kuntu hasa n’ukuntu haremye.

(28) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(29) Abari mu majuru n’isi, ni Yo basaba ko Ibaronsa ivyo bakeneye vyose. Imisi yose rero, Iba Iriko Irabishura, maze Igatera iteka uyu Igateza urubwa n’uriya; Igaha uyu, Ikima n’uriya.

(30) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(31) Emwe bantu hamwe n’Amajini! Burya, Tuzoteba Tubaharurira ivyo mwakoze kw’isi, Twongere Tubibahembere, Duheze Duhane abanyavyaha, Duhe n’indishi abagwaneza.

(32) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(33) Emwe bantu hamwe n’Amajini! Nimwaba mushobora gucaruka mu bihano mugahungira mu mihingo itandukanye y’amajuru n’isi, nimuhunge mwomoke. Eka ntimushobora gucaruka na gato, kiretse ku bushobozi n’ububasha vy’Imana Allah.

(34) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(35) Mu gihe mwokwihenda ngo murahunze nya bihano, muzorungikirwa urubeya rw’umuriro, Tubarungikire n’ubutare bw’umujumpu buyongejwe, busukwe ku mitwe yanyu, ntimuzonatabarana hagati yanyu.

(36) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(37) Igihe ijuru ryasadaguritse ku musi w’umuhero w’isi, rikarungurira rigasa nk’ishurwe ritukura, rikaba nka kurya kw’amavuta n’icuma vyasebuye bikaryimara.

(38) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(39) Kuri uyo musi, abamalayika nta n’umwe bazobaza ku vyaha vyiwe, yaba mu bantu kibure mu Majini.

(40) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(41) Abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, abamalayika bazobamenyera ku bimenyetso vyabo bibaranga, maze babacakire mu ruhanga n’ibirenge, babajugunyire mu muriro.

(42) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(43) Bazobwirwa ku gashinyaguro n’akantu bati: “Ng’iyi rero Jahannamu, abanyavyaha bahora bahakana kw’isi ko itabaho”;

(44) Ibihano bazohabwa bizokurakuranwa. Hamwe bazohanishwa umuriro, ahandi bahanishwe amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara.

(45) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(46) Uwutinya guhagarikwa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, maze akubahiriza amabwirizwa yayo, azohabwa imirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru.

(47) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(48) Nya mirima yompi, irimwo amashami y’ibiti abogaboga ivyamwa.

(49) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(50) Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi atemba hagati yayo.

(51) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(52) Muri nya mirima yompi, harimwo ubwoko bubiribubiri bw’ivyamwa; bitoto n’ivyumye.

(53) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(54) Bazoba bicaye ku bisaswa bitekeyemwo iharire iremereye, no kwamura ivyamwa vyo muri nya mirima yompi bizoba vyoroshe.

(55) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(56) Kuri nya bisaswa, hazoba hicaye n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), ata muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo.

(57) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(58) Nya bakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, ku bwiza bwabo womengo ni Yaakuuti[664] na Marjaani[665].
[664] Yaakuuti. ni ubwoko bw’ubutare bucukurwa musi y’ibahari, bukaba busa n’ibara ritukura canke ry’ubururu, buremye nk’ibuye, busayangana. [665] Marjaani, ni ubwoko bw’amabuye y’agaciro, acukurwa mw’ibahari, akaba yiremarema mu binyabuzima biba musi yaryo, aremye nk’ishurwe rifise udushami n’imizi, akagira n’ibara risa n’agahama canke rishaka gutukura.

(59) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(60) Mbega ineza ntiyiturwa iyindi! Indishi y’ubugwaneza rero ni uguhabwa Ubwami bw’ijuru!

(61) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(62) Hamwe n’iyo mirima ibiri, baragenewe kandi n’iyindi mirima ibiri itotahaye mu Bwami bw’ijuru.

(63) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(64) Nya mirima yompi, isa n’icatsi kibisi gihakwa kwirabura.

(65) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(66) Muri nya mirima yompi, harimwo imbizi zibiri z’amazi aguma adudubiza, atigera akama.

(67) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(68) Muri nya mirima yompi, harimwo amoko y’ivyamwa, itende n’imikomamanga.

(69) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(70) Muri iyo mirima yose uko ari ine rero, harimwo abakenyezi barangwa n’ingeso nziza, bakayangana mu maso, eka ntiworaba ubwiza buri aho!

(71) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(72) Ni abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini), bari n’ahantu hiherereye mu mahema.

(73) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(74) Nta muntu n’umwe canke Ijini arigera ababira imbere yuko bashingirwa kuri bo.

(75) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(76) Bazoba bicaye ku misego ipfutswe n’ibitambara vy’icatsi kibisi, n’ibisaswa bihinguwe neza, ntiworaba!

(77) Bantu hamwe n’Amajini! None, ni izihe nema mu nema z’Imana yanyu Rurema Allah, zaba izo mu buzima bwo kw’isi canke izo mu bw’inyuma yo gupfa, mufiseko amakenga bigatuma muzihakana!

(78) Harakubahwa rero izina ry’Imana yawe Rurema, Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Nyenicubahiro kirengeye vyose, Nyenubugwaneza.