110 - An-Nasr ()

|

(1) Ntumwa y’Imana! Igihe habonetse intsinzi y’Imana Allah ugatsinda ababangikanyamana mu Bakorayishi, ugaheza ugahabuza igisagara ca Makka;

(2) Ukabona n’abantu binjira mw’idini ry’Imana Allah ry’ubwislamu ari benshi mu migwimigwi;

(3) Aho rero, uraca witegurira kurengutswa n’Imana Allah, uheze uninahaze ushimagize Imana yawe Rurema Allah, wongere uyisabe kenshi ikigongwe. Mu vy’ukuri, Yo Yamye Yumvira cane abigaya.