77 - Al-Mursalaat ()

|

(1) Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane!

(2) No ku miyaga y’igihuhusi!

(3) No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere!

(4) No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira!

(5) No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah;

(6) Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah!

(7) Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[717], nta nkeka ko bizoba ata gisivya.
[717] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba.

(8) Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka;

(9) Igihe n’ijuru ryase imigaga;

(10) Igihe n’imisozi yanyitse;

(11) Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko;

(12) Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza?

(13) Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa.

(14) Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo?

(15) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero.

(16) Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa!

(17) Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo!

(18) Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

(19) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo.

(20) Mbega babangikanyamana! Twebwe Allah, ntitwabaremye mu mazi y’intanga agayitse!

(21) Hanyuma Tuyashira mu gitereko gikingiwe c’umugore!

(22) Gushika ku kiringo categekanijwe kizwi n’Imana Allah;

(23) Turaheza Tuyatunganyamwo ikiremwa-muntu gikwiye. Emwe! Ni Twebwe Allah, Abeza bo gutunganya indemo kurusha.

(24) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ubushobozi bw’Imana Allah bwo kurema no kuzura abapfuye.

(25) Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi kuba iyegeranirizo!

(26) Ry’abagihema bagendagenda kuri yo n’abasandavye bashingurwa muri yo!

(27) Tuyishirako n’imisozi ishimitse miremire kugira ngo iturure, Tubanywesha n’amazi meza y’umusarara!

(28) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma inema z’Imana Allah.

(29) Abamalayika bacungereye umuriro wa Jahannamu, bazobwira abagarariji bati: “Nimugende muri vya bihano mwahora muhakana ko mutazohabwa;

(30) Nimugende mu gitutu c’umuriro wa Jahannamu gifise imfuruka zitatu;

(31) Si igitutu gikingira ubushuhe bw’uwo musi. Ntikizonabuza ko bababurwa n’urubeya rw’umuriro.

(32) Mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ucira amasase angana n’igorofa amahanga.

(33) Isase rimwe riva muri wo, riguruka rimeze nk’ingamiya z’ibara ryirabura rija gusa n’umuhondo.

(34) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’izuka ry’ibiremwa n’intureka zawo.

(35) Uwo musi w’izuka, ni umusi abahakanyi batazoronka ico bavuga cobungura.

(36) Nta n’uburenganzira bazohabwa bwo kuvuga ngo biregure kuko batazoronka ico bireguza.

(37) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ibizoshika ku musi w’umuhero.

(38) Uwo musi, ni umusi wo gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Twabakoranije mwebwe abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagarariji b’aho hambere.

(39) Nimwaba rero mufise uburyo bwo kwigobotora mu bihano, nimubukoreshe muheze mukire ibihano vy’Imana Allah.

(40) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah, Intumwa, Ibitabu vyayo n’umusi w’imperuka.

(41) Mu vy’ukuri, abagamburukiramana batinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo bakiri kw’isi, bazoba bari mu gatutu k'ibiti vy'ivyamwa katigera karenga, ahari n’inzuzi zitemba;

(42) N’ivyamwa bitandukanye mu vyo bipfuza;

(43) Bazobwirwa n'Imana Allah bati: “Nimufungure mwongere munywe n’akayabagu kenshi, ku vyiza mwari mwarakoze kw’isi.

(44) Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ukwo ni ko Duhemba abagwaneza”.

(45) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa ry’ibiremwa.

(46) Abahakanyi na bo bazoheza babwirwe bakiri kw’isi bati: “Nimufungure, muryoherwe akanya gato. Mu vy’ukuri, mwebwe muri inkozi z’ikibi”.

(47) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah.

(48) Iyo babwiwe bati: “Enda rero nyabuna nimusenge mwunamire Imana Allah, ntibasenga ngo bayunamire”.

(49) Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa y’Imana Allah.

(50) Batemeye Qor’ani ntagatifu, ni ikihe gitabu inyuma ya Qor’ani bokwemera!