79 - An-Naazi'aat ()

|

(1) Jewe Allah, Ndarahiye ku bamalayika bashikurana inguvu inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abagarariji!

(2) No ku bamalayika bakuramwo bukebuke mu bwitonzi inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abemeramana!

(3) No ku bamalayika baguruka mu kirere banyaruka, bagana mw’ijuru canke bavayo!

(4) No ku bamalayika banyaragasa mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah!

(5) No ku bamalayika batunganya mu bukerebutsi nta ngere, ivyo bategetswe gushira mu ngiro kw’isi!

(6) Nta nkeka rero ko muzozurwa mugaharurirwa, umusi isi n’imisozi bizonyiganyiga cane havugijwe inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa;

(7) Hace hakurikira ivuzwa rya kabiri ry’inzamba y’izuka.

(8) Kuri uwo musi rero, imitima y’abagarariji izohinda agashitsi, yugarijwe n’ubwoba n’akantu.

(9) Bazoba bijiriwe mu maso, bajumarariwe;

(10) Abahakana bivuye inyuma izuka ry'ibiremwa, bavuga batebura n'akantu bati: “Mbega, ni ivy’ukuri, tuzosubizwa ubuzima inyuma yo gupfa nk’uko twahora kw’isi!

(11) Ubu nitwaba amagufa yabunzwe, tuzozuka koko!”.

(12) Bazoheza bavuge bihebura bati: “Emwe! Iryo garuka ryacu rero, ni ryaba ari iry'ukuri, rizoba ari iry’agahombo”.

(13) Mu vy’ukuri, rizoba ivuzwa rimwe gusa ry’inzamba ya kabiri;

(14) Maze bace bisanga ari bazima ku mugongo w’isi.

(15) Ntumwa y’Imana! Mbega, warashikiriwe n’inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!

(16) Igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamuhamagara ari mu kabande gatagatifu “Twuwa”, hambavu y’umusozi Sinayi.

(17) Maze Imubwira Iti: “Genda kwa Firawuni, mu vy’ukuri yarimonogoje mu buhakanyi;

(18) Uheze umubwire uti: “Ubwo ntiwokwiyeza, ukemera Imana Imwe Rudende Allah!

(19) Maze nkakurongora mu nzira y’Imana yawe Rurema Allah, ugaheza ukayigamburukira””.

(20) Ni ho rero Musa yereka Firawuni igitangaro gihambaye co guhindura inkoni inzoka.

(21) Firawuni ashoka ahakana yivuye inyuma Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranagabitanya ku Mana Allah.

(22) Hanyuma agenza umugongo yirengagiza ukwemera, abandanya ubwononyi bwo guhakana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).

(23) Ni ho Firawuni yakoranya abantu, arasemerera;

(24) Avuga ati: “Ni jewe imana yanyu iri hejuru ya vyose”.

(25) Maze Imana Allah Ica Iramwihora, Imuha ibihano vy’akarorero mu buzima bwo kw'isi, Ikazomuha n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

(26) Mu vy’ukuri inyifato ya Firawuni n’ivyamushikiye, harimwo inkebuzo ku bantu batinya ibihano vy'Imana Allah.

(27) Mbega bantu! Izurwa ryanyu, ni ryo ryoba rigoye cane kurusha; canke ukurema ijuru, Imana Allah Yubatse hejuru yanyu, ni co kigoye!

(28) Yahanitse ikirere caryo, Iraheza Irariringaniza.

(29) Igira ijoro ryaryo umwijima iyo izuba rirenze, Ikabonesha umurango waryo iyo riserutse.

(30) Inyuma y’ivyo, Yagura isi Irayisasa, Iyishiramwo ibintu vyose nkenerwa.

(31) Iraserura amariba y’amazi yayo, Imeza n’uburagiro bw’ibitungwa.

(32) Imisozi na yo Irayishinga;

(33) Ivyo vyose Yabibaremeye, kugira muryoherwe mwebwe n’ibitungwa vyanyu[720], muvyikoreko.
[720] Izurwa ryanyu rero, rizoba ryoroshe cane ku Mana Allah gusumba irema ry’ivyo vyose Yaremye.

(34) Igihe haje rero ikiza nya kiza c’umusi w’izuka;

(35) Umusi umuntu azokwerekwa ivyo yakoze, aheze avyibuke, anavyemange;

(36) Umuriro ururumba ugashirwa ahabona;

(37) Uwo wese rero, yimonogoje mu buhakanyi;

(38) Agahitamwo ubuzima bwo kw’isi, akirengagiza ubuzima bw’inyuma yo gupfa;

(39) Mu vy’ukuri, umuriro ururumba wa Jahannamu, ni bwo bushikiro bwiwe.

(40) Nayo uwitwararitse kurengutswa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, akanareka gukora ivyo umutima wiwe wipfuza;

(41) Mu vy’ukuri, Ubwami bw’ijuru ni ryo cumbi ryiwe.

(42) Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza igihe umuhero w’isi uzoberako!

(43) Wewe, nta bumenyi bw’igihe uzoberako ufise.

(44) Ubumenyi bwawo buri ku Mana yawe Rurema Allah.

(45) Wewe gusa, uri umugabisha w’uwutinya akitegurira uwo musi w’umuhero.

(46) Umusi bazowubona, bazomera nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse igihe kingana n’umuhingamo[721] canke umusase gusa[722].
[721] Igice c’umusi, kuva izuba rihengamiye mu burengero gushika rirenze. [722] Igice c’umusi, kuva izuba riserutse gushika ku mutaga.