(1) Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ndikinze ku Mubungabunzi w’abantu bose;
(2) Umwami Mugabe w’abantu, Yikenuye;
(3) Imana Nyene gusengwa n’abantu, ata yindi mana ikwiye gusengwa atari Yo;
(4) Inkingire inabi ya shetani itera amazinda kenshi iyo umuntu agoswe, ikanyegera iyo aninahaje Imana Allah;
(5) Itera amazinda n’amakenga mu mitima y’abantu, ikabosha gukora ibibi no kureka ibitegetswe;
(6) Ikomoka mu bwoko bw’Amajini n’ubw’abantu”.