106 - Quraish ()

|

(1) Kubera akamenyero k’Abakorayishi;

(2) Akamenyero kabo ko kuja mu gihugu ca Yemeni kiri mu bumanuko mu rushana, no kuja mu bihugu vyo muri Shaamu biri mu buraruko mu ci, aho baja kurangura ibidandazwa, bakishira bakizana ata nkomanzi.

(3) Kubera ivyo rero, nibashimire Imana Rurema Nyene iyi ngoro ntagatifu (Al-Ka’ba), babaye hambavu yayo batekaniwe; baheze bayiyegereze mu vyo bakora vyose banayisenge ari Imwe Rudende;

(4) Yo Yabafunguriye Ikabakiza inzara, Ikabaha n’umutekano, Ikanabakiza ubwoba.