108 - Al-Kawthar ()

|

(1) Muvugishwamana! Mu vy’ukuri, Twarakweguriye impano y’ivyiza vyinshi nta ngere kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[741].
[741] Muri ivyo vyiza, ni uruzi “Kawthar” ruri mu Bwami bw’ijuru, ku nkengera zarwo hari amahema yubatswe mu butare bw’agaciro “lulu”, umusenyi wo muri rwo, ni “miski”.

(2) Kubera ivyo rero, senga wamizeko wongere ukerere kw’izina ry’Imana no ku bw’Imana yawe Rurema Allah.

(3) Mu vy’ukuri, uwugucokora akanka n’uburongozi warungikanwe, ni we yacitswe n’ivyiza vyose, kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.