(1) Haa Miim[622].
[622] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.
(2) Jewe Allah, Ndarahiye ku Gitabu ca Qor’ani gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco!
(3) Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, ryuzuyemwo imigisha myinshi mu kwezi kwa Ramadhani. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Ibitabu Turungika n’Intumwa kugira Tugabishe abantu ku bihano vyacu.
(4) Muri nya joro ry’iteka rero, abanditsi mu bamalayika, bashirirwa ahabona ingingo yerekeye ikintu cose kizotunganywa kigashirwa mu ngiro muri uwo mwaka;
(5) Ingingo yubahirizwa kw’itegeko n’ubumenyi bivuye iwacu Twebwe Allah. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarungitse ku bantu Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’izindi zarungitswe hambere yiwe;
(6) Mu ntumbero yo kugirira impuhwe abantu zarungitsweko, impuhwe zivuye ku Mana yawe Rurema Allah, mu vy’ukuri ni Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa vyose; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa n’ibiremwa hamwe n’ivyo bizirikana;
(7) Ni Yo Rurema Yaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo. Nimwaba rero muzi neza ivyo mu buryo buzira amakenga, nimumenye ko Iyaremye ivyo vyose, ari Yo Mana Ikwiye gusengwa vy’ukuri;
(8) Nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Itanga ubuzima Ikanabwaka. Ni Yo Mana yanyu Rurema, Ikaba n’Imana ya ba so bo hambere yanyu, nimuyisenge rero mutayibangikanya na kimwe mu biremwa.
(9) Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, ababangikanyamana bafise amakenga ku kuri wabazaniye, baratwawe n’ibihendamaso vy’isi n’ubufyinyi.
(10) Ntumwa y’Imana! Barindire rero bazokwibonerako, umusi ijuru ryafumvye umwotsi ugaragara, ukwiragiye hose;
(11) Ugahwikira abantu bose, maze bakabwirwa bati: “Iki rero, ni co gihano kibabaza cane”;
(12) Bagaheza bagasaba gukurwako nya gihano batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Udukureko kino gihano. Uramutse Ukidukuyeko, ni ukuri twoca tukwemeraˮ.
(13) Mbega bokwibuka gute inyuma y’aho bamanuriwe nya gihano, kandi baramaze gushikirwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) itomora amabwirizwa y'Imana Allah;
(14) Hanyuma bakayirengagiza bakanavuga ko ari umwigishwa[623] akaba n’umusazi, n’uko atari Intumwa namba!
[623] Ashikiriza ivyo yigishijwe n’abantu canke ba senyagara canke amashetani.
(15) Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzobakurako igihano umwanya muto, maze murabe ko mu vy’ukuri mutazosubira mu bugarariji n’ubuhuvyi mwahoramwo[624]. Muri ico gihe rero, Tuzoca Tubahana kandi;
[624] Ivyo rero vyarashitse, ariko ntibahavuye bemera nk’uko basezeranye.
(16) Umusi Twacakiye abagarariji, maze Tukabahana nya kubahana, ni wo musi w’izuka rero Tuzobihorerako.
(17) Ni ukuri, hambere y’ababangikanyamana b’i Makka, Twaragerageje abantu ba Firawuni, maze Tubarungikira Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yubashwe, baraheza barayihakana bivuye inyuma, Duca Turabahana. Ntumwa y’Imana! Ni nk’ukwo nyene rero Tuzohana abo warungitsweko, nibatakwemera;
(18) Musa araheza ababwira ati: “Enda nyabuna rero, nimumpe abaja b’Imana Allah muri Bene Israyeli, kugira bayiyegereze mu vyo bakora vyose, banayisenge ari Imwe Rudende; jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa kuri mwebwe, nkaba n’Umwizigirwa mu vyo mpishurirwa;
(19) Kandi ntimukagire amanyama ku Mana Allah mu guhakana Intumwa zayo; jewe mu vy’ukuri, ndabazaniye icemezo gitomoye cemeza ukuri kwanje;
(20) Mu vy’ukuri, ndikinze ku Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, Inkingire ko mwonyicisha amabuye;
(21) Nimutanyemera ku vyo ndabazaniye, murandeka nidegemvye mutangeramiraˮ.
(22) Musa amaze kubona ko bamuhakanye bivuye inyuma, ni ho yasaba atakambira Imana yiwe Rurema Allah ati: “Mu vy’ukuri aba bantu, ni abanyavyaha bakubangikanyaˮ.
(23) Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Musa! Muri iri joro, uragenda ujanye abaja banje bakwemeye bakagukurikira; mu vy’ukuri, Firawuni n’ingabo ziwe bahava babomako, babatere;
(24) Maze ureke ibahari rigume ritururuye nk’uko risanzwe, mu vy’ukuri Firawuni n’ingabo ziwe, bahava basomeshwa nturi”.
(25) Inyuma y’isomeshwa nturi rero, Firawuni n’ingabo ziwe basize ibintu vyinshi; imirima itotahaye, amariba y’amazi atemba;
(26) N’indimo hamwe rero n’inzu ziteye igomwe;
(27) Hamwe rero n’inema nyinshi bari babayemwo, borohewe mu buzima;
(28) Ni nk’ico gihano rero Imana Allah Iha abihakana inema zayo, maze bakayigarariza. Inyuma y’ihonywa ryabo rero, ivyo vyose Twabiraze abandi bantu muri Bene Israyeli.
(29) Ijuru n’isi, ntivyigeze biririra Firawuni n’ingabo ziwe; kira noneho, ntibari no kurindirizwa ngo ntibahanwe.
(30) Ni ukuri, Twaranarokoye Bene Israyeli mu bihano bisuzuguza vyo gucurwa bufuni na buhoro;
(31) Maze Tubakiza mu kubakura kw’izosi Firawuni; mu vy’ukuri Firawuni, yari no mu bantu bagira amanyama ku bandi, bimonogoza mu bugarariji.
(32) Ni ukuri Twatoye Bene Israyeli Tubizi, mu kubatera iteka kurusha abandi bo mu gihe cabo;
(33) Maze Tubaha n’ibitangaro bazaniwe na Musa, birimwo igeragezwa rigaragara kuri bo.
(34) Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri aba babangikanyamana mu bantu warungitsweko, ni ukuri bavuga bahakana izurwa ry’ibiremwa;
(35) Bakavuga bati: “Umuntu apfa rimwe! Urupfu ni urwo nyene rwo kw’isi nta rundi; ntituzonazuka inyuma yo gupfa ngo duharurirwe ivyo twakoze, duheze tubihemberwe!”.
(36) Bakongera bati: “Ewe Muhamadi! Wewe n’abemeramana muri kumwe, enda nyabuna rero, nimugarure kw’isi ba data bapfuye kera, nimwaba koko muri imvugakuri ko abantu bazosubizwa ubuzima bakazuka!”.
(37) Abo babangikanyamana b’i Makka, ni bo bahawe ubutore mu nguvu n’inema gusumba abandi ku buryo Tutobahana! Canke ni abantu b’umwami Tubba’i[625] hamwe n’imigwi y’abagararije hambere y’abo! Abo bose rero hamwe n’ubutore mu nguvu n’inema Twabahaye, Twarabahanye ku bugarariji bwabo Turabahonya. Mu vy’ukuri, bari abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[625] Tubba-i, ni umwami yigeze gutwara Yemeni, yakomoka mu bwoko bwa Al-Himyar.
(38) Ntitwaremye amajuru n’isi hamwe n’ibiri hagati yavyo mu ntumbero yo gufyinata;
(39) Ntitwabiremye, kiretse ko kwari ukugira mumenye ko hariho Imana Rurema Allah, muheze muyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya. Ariko rero abenshi mu babangikanyamana, ntibazi intumbero y’Imana Allah mu kurema.
(40) Mu vy’ukuri umusi w’izuka, ari na wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, ni ryo sango ntarengwa ryabo bose;
(41) Umusi umugenzi ata na kimwe azomarira mugenziwe, eka mbere nta n’uwuzotabara uwundi;
(42) Kiretse uwuzogirirwa impuhwe n’Imana Allah mu bemeramana, maze akagira uwo avugira kuri Yo, ku burenganzira bwayo. Mu vy’ukuri rero Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
(43) Mu vy’ukuri, igiti Al-Zaqquumu kinagira mu nyenga y’umuriro;
(44) Ivyamwa vyaco birura, binuka utokwumva, ni zo mfungurwa z’umunyavyaha, na canecane uwubangikanya Imana Allah;
(45) Uwuriye nya vyamwa, birabira mu nda; nka kurya kw’ubutare bwayongejwe ku muriro;
(46) Bugasebura nka kurya kw’amazi yabize akaryimara;
(47) Abamalayika, ku musi w’izuka bazobwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha, maze mumuterere mu nyenga y’umuriro ururumba;
(48) Hanyuma mumusuke ku mutwe amazi asebuye akaryimara, maze yumvirize ibihano vyayo”.
(49) Maze abwirwe n’agashinyaguro n’akantu ati: “Honja rero ibihano. Mu vy’ukuri, kw’isi wari umunyacubahiro, umwubahwa mu bantu bawe.
(50) Banyavyaha! Ni ukuri ibi bihano muhawe kuri uno musi, ni bimwe mwahora mugirako amakenga ko bibaho”.
(51) Mu vy’ukuri, abagamburukiye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazoba bari mw’icumbi ritekanye ryubashwe;
(52) Mu mirima itotahaye, icamwo n’amazi atemba y’imbizi;
(53) Bazoba bambaye impuzu zishonywe mw’iharire yoroshe n’iyiremereye, bicaye barabana amaso mu yandi;
(54) Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahaye abagamburukiramana Ubwami bw’ijuru Tukabambika n’impuzu z’iteka - Tuzobatera n’iteka ryo kubashingira abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini);
(55) Muri Bwo, bazosaba guherezwa amoko yose y’ivyamwa bipfuza, batekaniwe ku kuba nya vyamwa bitigera bihundura;
(56) Muri nya Bwami, ntibazoshikirwa n’urupfu ngo bapfe, kiretse urupfu rwa mbere bahonjeje bakiri kw’isi; Imana Allah, Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba;
(57) Ivyo bikazoba ku mpano no ku bugwaneza bw’Imana yawe Rurema Allah. Iyo rero, ni yo ntsinzi ihambaye.
(58) Ntumwa y’Imana! Ni ukuri Twebwe Allah, Tworoheje Qor’ani, mu kuntu isomwa no mu nsiguro yayo mu rurimi rwawe, kugira bibuke baheze bikebuke;
(59) Rindira rero ineshwa canke ihanwa ry’ababangikanyamana Twagusezeraniye, na bo nyene mu vy’ukuri baguteze imisi ko uneshwa canke ugapfa.