(1) Ewe wipfutse impuzu!
(2) Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah;
(3) Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose;
(4) Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka;
(5) Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere;
(6) Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera;
(7) Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo.
(8) Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka;
(9) Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji;
(10) Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa.
(11) Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye;
(12) Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka;
(13) N’abana bama hambavu yiwe i Makka;
(14) Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro;
(15) Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije!
(16) Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu;
(17) Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[709].
[709] Uwuvugwa muri izi Aayah, ni umuhakanyi ruhebwa w’i Makka, yitwa Al-Waliid mwene Al-Mughiira. Ibihano yasezeraniwe ng’aho, bitegekanirijwe uwo wese ahakana akarwanya ukuri yivuye inyuma.
(18) Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
(19) Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
(20) Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
(21) Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
(22) Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga.
(23) Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime;
(24) Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere;
(25) Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”.
(26) Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura.
(27) Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co?
(28) Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke;
(29) Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase;
(30) Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana.
(31) Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[710]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu.
[710] Kuko ico gitigiri nyene, ni co kivugwa no mu bindi Bitabu vyamanuwe.
(32) Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi!
(33) No kw’ijoro iyo bwije hakijima!
(34) No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!
(35) Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye!
(36) Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah;
(37) Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi.
(38) Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe;
(39) Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo.
(40) Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya;
(41) Ukuntu abanyavyaha bamerewe.
(42) Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”.
(43) Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa;
(44) Ntitwigeze tunafungurira abakene;
(45) Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha;
(46) Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho;
(47) Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”.
(48) Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[711] nta co rizobamarira namba.
[711] Mu bamalayika, Intumwa n’abandi.
(49) Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani!
(50) Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba;
(51) Zihunze intambwe.
(52) Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana.
(53) Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire.
(54) Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka.
(55) Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa.
(56) Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi.