(1) Igihe izuba ryazingwazinzwe ntiribe rigisubira kwaka;
(2) Igihe n’inyenyeri zahungurutse ntizibe zigisubira kuboneka;
(3) Igihe n’imisozi yasunitswe igahoka;
(4) Igihe n’ingamiya zifise amezi zirengagijwe;
(5) Igihe n’inyamaswa zegeranirijwe hamwe, kugira Imana Allah Ihorere izarenganijwe n’izindi;
(6) Igihe n’ibiyaga vyakijwe umuriro bikarurumba;
(7) Igihe n’imishaha yahujwe n’iyindi mishaha hari ico ihuriyeko;
(8) Igihe n’umwigeme yahambwe abona yabajijwe ku musi w’izuka;
(9) Ku co yahowe, kigatuma yicwa mu guhambwa abona!
(10) Igihe n’ibitabu vy’ibikorwa vy’ibiremwa vyashizwe ahabona bikugururwa;
(11) Igihe n’ijuru ryuguruwe rigakurwaho;
(12) Igihe n’umuriro wa Jahannamu wegenyejwe;
(13) Igihe n’Ubwami bw’ijuru bwegerejwe abemeramana;
(14) Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese rero azomenya ico yakoze; caba iciza canke ikibi.
(15) Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri zitaka ku murango!
(16) Zigendera ahatabona mu nzira-ntasobwa zazo!
(17) Ndarahiye kandi no kw’ijoro iyo bwije!
(18) No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!
(19) Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari ijambo ry’Uhoraho Allah rishikirizwa n’Intumwa yubashwe (Umumalayika Jibrili);
(20) Nyeninguvu n’ubushobozi bwo kwubahiriza amabwirizwa, afise icubahiro kinini imbere ya Nyenubuhangamo Allah;
(21) Agamburukirwa n’abandi bamalayika, umwizigirwa mu guhishurira Intumwa.
(22) Umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), si umusazi namba;
(23) Mu vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarabonye umumalayika Jibrili ukuri kwamye mu buseruko bw’i Makka[724];
[724] Iyo, ni yo yari incuro ya mbere Intumwa ibona umumalayika Jibrili. Ico gihe, Intumwa yari mw’isenga ry’ibuye ryitwa HIRAA-A.
(24) Kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntiyigungirako ijambo ry’Imana Allah;
(25) Kanatsinda, iyo Qor’ani si ijambo rya shetani yavumwe. Ahubwo ni ijambo ry’Imana Allah.
(26) Mbega, mwebwe mugana hehe, mu guhakana Qor’ani inyuma y’ivyo vyemezo vyose?
(27) Iyo Qor’ani ntagatifu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose;
(28) Kuri uwo wese muri mwebwe ashaka gutumbera inzira igororotse.
(29) Kandi ntimuzoshaka kugororoka ngo mubishobore, kiretse igihe Imana Allah Ibishatse, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.