82 - Al-Infitaar ()

|

(1) Igihe ijuru ryasadaguritse;

(2) Igihe n’inyenyeri zahungurutse;

(3) Igihe n’ibiyaga vyagomorowe bigacika kimwe;

(4) Igihe n’imva zazuwe;

(5) Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese azomenya ico yakoze n’ico yirengagije, aheze agihemberwe.

(6) Ewe muntu uhakana izurwa ry’ibiremwa! Wahenzwe n’igiki kigutuma ugarariza Imana yawe Rurema Allah, Nyenubugiraneza?

(7) Ni Yo Yakuremye, Iragutunganya, Iranakuringaniza neza;

(8) Yakuremye uko Ishaka mw’ishusho rihambaye.

(9) Bantu ! Nimuteshwe mute murahumba! Murihenda mu gusenga ibigirwamana. Ahubwo mwebwe muhakana mwivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa.

(10) Mu vy’ukuri, mufise abamalayika bajejwe kubabungabungira ivyo mukora mu kuvyandika;

(11) Batewe iteka n’Imana Allah, bandika vyose ata kibacika;

(12) Barazi ivyo mukora vyose, vyaba ivyiza canke ibibi.

(13) Mu vy’ukuri aberanda bubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, ni ukuri bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru.

(14) Mu vy’ukuri, n’inkozi z’ikibi zitigera zubahiriza agateka k’Imana Allah n’ak’ibiremwa, na zo zizoba ziri mu muriro ururumba;

(15) Zizowinjira, ziwote ku musi w’impera;

(16) Ntizizowukira ngo ziwuvemwo canke ngo zipfe.

(17) Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!

(18) Hanyuma, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’impera ico ari co!

(19) Ni umusi umuntu ata co azomarira mugenziwe. Itegeko kuri uwo musi, ni iry’Imana Allah Yonyene.