83 - Al-Mutaffifin ()

|

(1) Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo);

(2) Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu.

(3) Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero.

(4) Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze!

(5) Ku musi w’intureka zihambaye.

(6) Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose.

(7) Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”.

(8) Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co?

(9) Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo.

(10) Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi;

(11) Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera.

(12) Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa;

(13) Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”.

(14) Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze.

(15) Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[725];
[725] Iyi Aayah, irerekana ko abemeramana ari bo bazobona Imana yabo Rurema Allah mu Bwami bw’ijuru.

(16) Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote;

(17) Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”.

(18) Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru.

(19) Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!

(20) Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo;

(21) Bibonwa n’abamalayika b’abishikira.

(22) Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru;

(23) Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;

(24) Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah;

(25) Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe.

(26) Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa.

(27) Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”;

(28) Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako.

(29) Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi;

(30) Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro;

(31) Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana;

(32) Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”.

(33) Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere.

(34) Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;

(35) Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;

(36) Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”.