87 - Al-A'laa ()

|

(1) Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere (uvuge uti: “Sub-haana Rabbiya l-A’laa”).

(2) Yararemye ibiremwa, maze Iraringaniza indemo yavyo n’ibihimba; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;

(3) Iraheza Irategekanya ivya nkenerwa vyose ku biremwa, Iranigisha kimwe cose ukuntu kivyikorako;

(4) Iranagisha n’uburagiro (ubwatsi);

(5) Hanyuma Irabukavya, busa n’urwatsi rutoto ruja kwirabura.

(6) Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Tuzokwigisha Qor’ani, ntuzoyibagira namba;

(7) Kiretse ico Imana Allah Ishatse ko wibagira ku neza y’ibiremwa. Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibigaragara mu bikorwa no mu majambo n’ibinyegeje muri vyo.

(8) Tuzokworohereza gukora ivyoroshe; nko kwihanganira ishikirizabutumwa no kworoherezwa amabwirizwa y’idini.

(9) Kubera ivyo rero, ibutsa abantu bawe warungitsweko gutumbera inzira igororotse, na canecane kwibutsa uwitezwe ko yibuka, nya kwibuka kukamugirira akamaro;

(10) Hazokwibuka uwutinya ibihano vy'Imana Allah.

(11) Uwaseserejwe n’ivyaha na we, azoheza yigire kure y’urwo rwibutso;

(12) Ari na we azokwinjira mu muriro udahera ukaze bihambaye;

(13) Hanyuma ntazopfa muri wo ngo awuruhuke, eka ntazonawugiriramwo ubuzima buhimbaye.

(14) Mu vy’ukuri yaramaze gutsinda, umuntu yiyejeje amabi;

(15) Akaninahaza n’izina ry’Imana yiwe Rurema Allah, maze agasenga amasengesho-bwirizwa ku mwanya, arondera gushimwa na Yo.

(16) Bantu! Ahubwo rero, mushira imbere kurusha ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi;

(17) Kandi ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo bwiza gusumba, kandi bwamaho.

(18) Mu vy’ukuri, ivyo vyose mwadondaguriwe muri iki gisomwa, biri no mu Bitabu vy’aho hambere ya Qor’ani;

(19) Mu Mizingo y’Intumwa z’Imana Ibrahimu na Musa (za nyakugira amahoro y’Imana Allah).